Intangamarara
Mu nama mpuza makungu y'abarundi baba hanze, hemejwe y'uko hagiye kushingwa uburyo bwo kwigisha ikirundi biciye kuri internet, ivyo navyo bikazofasha cane cane abana b'abarundi bariko baravukira hanze kandi bakanarererwa mu bihugu bitandukanye.
Birababaza iyo umwana akubitiye iyo abavyeyi baturuka, ntashobore kuganira n'umuryango wiwe bwite...birababaza kubona abana bakurira hanze batamenya umwidondoro w'igihugu c'amamuko canke c'amavukiro. Uyu mugambi rero dusavye umurundi wese aho ari kuwushigikira, guterera ivyiyumviro kugira ngo dusenyere ku mugozi umwe mu kwigisha abana b'uburundi baba mu mihingo ine y'isi.
Turakengurukiye cane abatanguye ico ciyumviro, mugushiraho dictionnaire y'ikirundi dushobora gukoresha mu buryo bworoshe iyo nayo tukayisanga aha hakurikira: www.kiyago.com, Intererano yanyu izoba ar'iyo guteza imbere u Burundi bwose. Japhet Legentil Ndayishimiye
|
|
Umugambi wa Kiyago.com ufise intumbero yo gushira kazinduzi ku murongo w'ingurukanabumenyi (internet) mu kirundi no gutororokanya amazina, ibisokozo, utujajuro, imigani n'ibitito... vyavugwa cane cane n'abakurambere mu buryo bwo guhanahana amakuru, kugira bishirwe ku murongo wa internet aho abantu bose bobironka. Injira ngaha
|
|